UBM News ads UBM News ads
Sunday, April 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Umugambwe FPR urashaka kuganira n’umugambwe CNDD-FDD

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umunyamabanga mukuru w’ umugambwe uri kubutegetsi mu Rwanda FPR Wellars Gasamagera avuga ko akirindiriye ko umugambwe Cndd-Fdd bavugana kugira batorere inyishu ibibazo biri hagati y’u Rwanda n’uburundi .ivyo yabishikirije kuri uyu wa gatanu mu kiganiro yahaye abamenyesha makuru mu gihe yatanguza ibikorwa vyo kuzotora abazoserukira umugambwe mu matora yimirije.


Wellars Gasamagera agira ati:«Nivyo koko umugambwe Cndd-Fdd twagiranye umubano mwiza na FPR kuva mbere.rero umugambwe cndd-Fdd mu gihe wotwegera tukavugana ntitwovyanka ariko ntibarabikora.rero ikibazo c’imibano hagati y’ivyo bihugu bibiri twokirekera Leta zompi kuko bariko babikwirikirana ariko mu gihe umugambwe Cndd-Fdd nk’abantu tubana boduhamagara muri ivyo biganiro twoganira nabo ariko tukisunga uko Leta zompi zifashe iki kibazo mu minwe».

Ibi Wellars Gasamagera yabimenyesheje mu gihe Reverien Ndikuriyo arongoye umugambwe Cndd-Fdd yari yamenyesheje ko azovugana na mugenzi we wa FPR mu gutorera umuti ibibazo izo Leta zifise kino gihe.

Tubibutse ko umubano w’u Rwanda n’u Burundi umaze imisi usubiriye gutosekara aho mbere Leta y’uburundi iheruka gufata ingingo yo kwugara imbibe bihana n’igihugu c’u Rwanda.Leta y’uburundi yagumye yagiriza u Rwanda gushigikira umuhari Red Tabara wama uza guhungabanya umutekano w’igihugu c’uburundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments