UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Phénias Nigaba asaba Leta gufata abo bose banyuruje amatungo ya Leta

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Icegera c’uwurongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU Phénias Nigaba atera akamo Leta y’uburundi gukwirikirana abo bose bivye amatungo ya Leta babafate ata numwe avuyemwo bagarukane ivyo banyuruje.ivyo yabivugiye mu bikorwa vyatunganijwe n’uwo mugambwe kuwa 18 ruhuhuma.


Phenias Nigaba agira ati:«intwaro ibereye iracari kure mugihugu cacu.abanyuruza amatungo ya Leta nta numwe akwirikirana ngo ahanwe hisunzwe amategeko.twebwe tugasaba ko abantu bose banyuruje itunga ry’igihugu bafatwe ata numwe avuyemwo itunga ry’igihugu rigaruke mu bigega vya Leta rikore ibikorwa vy’iterambere.urugomero rwa Mpanda rwatwaye ama miriyaridi arenga 54 abayatwaye barabazi nta numwe arafatwa,abanyuruje amafaranga muri BRB nta numwe arafatwa nibige kuri ayo madosiye ayo mafaranga agaruke mu kigega ca Leta».

Tubibutse ko abarundi batandukanye haba abaserukira amashirahamwe akorera mu bisata vy’ubutunzi mu gihugu no hanze y’igihugu,abaserukira imigambwe yemewe mu gihugu n’iyitemewe ikorera hanze y’igihugu,Banke nkuru y’isi FMI,bose barasaba ko haba ihinduka rikomeye mu vyerekeye kurwanya ibiturire no guhasha abanyuruza amatungo y’igihugu.ico umuntu yokwibaza kigoye kuronkera inyshu n’iki :«mbega abo bavugwa mu kunyuruza amatungo ya Leta bazofatwa gute mu gihe usanga bari mu bategetsi bakuru bafata ingingo»?ivyo rero biri mu bituma igihugu c’uburundi kiguma gishirwa ku mwanya wa mbere mubihugu vya mbere bikenye kw’isi kandi birangwamwo ibiturire.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments