UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Umugambwe CODEBU usaba reta gutumako inama rukokoma mumaguru masha kugira bige kubibazo bihanze igihugu

Kefa Nibizi arongoye umugamwe codebu avuga Ko atewe umutima uhagaze nuko ibintu bitera bitituka mu bice vyose vy’ubuzima bw’igihugu agafatira kukugene amafaranga y’uburundi aguma ata agaciro uko bukeye uko bwije kuri we rero akabona ko reta vyayinaniye gutorera inyishu ku bibazo igihugu gifise akavuga ko reta ikwiye gutumako inama rukokoma kugira bige kubibazo bihanze igihugu.

kubw’inkuru dukesha radio rpa ijwi ry’abanyagihugu,Kefa Nibizi avuga ko ibibazo uburundi bufise muri bino bihe bituruka ku ntwaro iguma icumbagira nayo demokarasi ikaba itituka uko igihe c’amatora gitera cegereza.kefa Nibizi avuga ati :«mumugambwe Codebu twarerekanye ku rubuga rwacu x yuko duhagaritswe umutima n’ingene ubuzima bw’abenegihugu butera bushishikara busubira inyuma ibijanye na democrasi n’intwaro ibereye navyo bikaguma bicumbagira.twatanze akarorero ingene ifaranga ry’uburundi ryataye agaciro aho mumyaka iheze kugira ngo uronke ibihumbi cumi vy’amashilingi vy ‘amatanzaniya vyagusaba ko uba ufise ibihumbi munani vy’amafaranga y’amarundi ariko uyu musi bikagusaba ko uba ufise ibihumbi cumi n’umunani vy’amarundi.kugira uronke ibihumbi cumi vy’amagande vyagusaba kuba ufiseibihumbi bitanu vy’amafaranga y’amarundi uyu musi bikaba bisaba ko uba ufise ibihumbi cumi na bibiri vy’amarundi.tuvuze ivyo bihugu bibiri kubera ariho abarundi bakunda kuja kurangurira ibintu bazana mu gihugu bigaca bishika bizimvye.ivyo biri uko kubera intwaro ibereye iguma icumbagira dufatiye kuvyaha vyo kunyonyeza amatungo ya reta bidahanwa ivya democrasi vyovyo twegereje amatora tubona ko biguma bisubira inyuma».

Uyo arongoye umugambwe Codebu arangiza asaba reta ko ikwiye kubona ko vyayitaye ku wamazi maze igahamagaza abarundi bose kugira umwe wese aterere ico afise kugira haboneke umuti urama kubibazo vyose bihanze igihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments