UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Perezida Ndayishimiye avuga ko ata mugumyabanga wa Cndd-Fdd arya igiturire ngo ababikora ni ababinjiranye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ari mubikorwa vyo gusozera amasengesho uwo mugambwe utunganya mu mpera z’indwi ya nyuma y’ukwezi mu ntara ya gitega,yavuze ko ata munywanyi wa Cndd-Fdd arya igiturire ngo ababikora n’abaje kubononera bakiyitirira abagumyabanga Atari bo kandi ko hageze ko birukanwa mu mugambwe.


Perezida yavuze ati:«abagumyabanga b’ukuri ntibarya ibiturire,abagumyabanga b’ukuri ntibanyonora,abagumyabanga b’ukuri n’abanyabikorwa.abo bari gukora ivyo n’abantu batuvangiye Atari abagumyabanga.abo batuvangiye rero tubakuremwo,ntamuntu arya igiturire ngo avuge ko ari umugumyabanga ntibikunda.ntushobora kuba unyonora ngo uvuge ko uri umugumyabanga,ntushobora kuba uri ikinebwe ngo uri umugumyabanga.ibigoye vyose twaciyemwo mbwira ingene hoza ivyoroshe bikatunanira?igihe aba nya misiri bava muri egiputa hari abari barabivanzemwo bajanye nabo nibo baza barasaba ngo barashaka inyama nibo baza barabagumura.ubu rero muraraba neza ko hatari abagumyabanga biyita abagumyabanga ari ababivanzemwo batari kukarangamutima k’abagumyabanga».

Bamwe mubanyeporitike baganiriye na “radiyo inzamba agateka kawe” baranegura ivyo vyashikirijwe na perezida Ndayishimiye.uwurongoye umugambwe Upd zigamibanga chovineau Murwengezo avuga ati:«igihugu cacu cari gifise ivyo cubakiyeko cane cane ibintu vy’ama rezeruve,ibintu vy’ibigega ntawuyobewe ibara ryakorewe muri BRB aho Cndd-Fdd yaciye ifata inzahabu zose zari zimaze imyaka kuva ku mwami zari zarabitswe Cndd-Fdd izirengerako.ivyakwirikiye none ninde abiyobewe ko Cndd –Fdd n’ama dosiye yose bafise bateye isoni ahubwo nimba ari umukuru w’igihugu koko yumva ko ijambo yovuga ryoba rifise uburemere na bukeya ninde atamaze imisi yumva yidoga wenyene ko abamukikuje canke iyo ntwaro muri rusangi ko igisibije.ninde atazi ko mu mazu yabo huzuyemwo amahera atagira izina,wenyene ku giti ciwe yihereyeko ni umwambuzi wa mbere,ninde atazi ko ariwe asahura igihugu muri kino gihe kuva ari umukuru w’igihugu,ninde atazi ko uburyo bwose bw’igihugu busigaye bwinjira bugaherera mu rugo rwiwe bukoreshejwe mu ngendo zinyuranye mu bintu udashobora kwibaza ko ari umukuru w’igihugu yokubahuka ,ninde ayobewe ko uno musi hagati yabo umucanwa waka kubera ugusahura,ninde ayobewe ko ibisata vyose mu gihugu vyahagaze kubera ubwambuzi kubera ubunyonyezi kubera ukutagira ico bibanga ,ninde atayobewe ko Ubuntu bwabuze ku ntaro ya Cndd-Fdd ,kera uburundi bwari bukirangwa n’ubuntu ariko simvuze ngo izindi ntwaro zose zarera de ariko iyi ntwaro ije ari gahebuza. Rero nareke kutubesha twaramuhinyuye».

Uwo arongoye uwo mugambwe arangiza avuga ko kuva umugambwe Cndd –Fdd ushitse kubutegetsi waranzwe no kunyuruza amatungo ya reta no kurya ibiturire n’umukuru w’igihugu ubwiwe adasigaye inyuma.akabona ko iyo mvugo ariyo gusamaza abarundi kandi akabafata nkuko batagira ubwenge.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments