UBM News ads UBM News ads
Friday, June 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Parcem irasaba reta ko habaho itunganywa ryiza ku mafaranga mvamakungu I banki nkuru y’isi iherutse guha u Burundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe Parcem rihamagarira abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama rirasaba reta ko amafaranga mvamakungu u Burundi buherutse guhabwa n’I banki nkuru y’isi akora ico yaje gukora.

Kumusi wa kabiri igenekerezo rya 30 nzero,I banki nkuru y’isi yarateye umukono ku masezerano y’ingabire y’imiriyoni 132 z’amadorare y’abanyamerika ihaye reta y’uburundi.ku ruhande rwa reta y’uburundi ayo masezerano yateweko umukono n’umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta Audace Niyonzima.

Uko izo miriyoni 132 z’amadorare y’abanyamerika zigabuye :
Imiriyoni 50 zizofasha mu guheraheza urugomero jiji-murembwe,
Imiriyoni 40 zizofasha mu kugura ivyankenerwa igihugu gikeneye nk’imiti,umwavu n’ibindi,
Imiriyoni 42 zisigaye zizofasha mu guteza imbere ibijanye n’ubuhinga ngurukanabumenyi mu Burundi.
Kubwa Faustin Ndikumana arongoye parcem avuga ko ari vyiza ko reta ironka iyo ngabire na cane cane ko izofasha mu gutorera umuti ikibazo c’amafaranga mvamakungu asanzwe akenye muri kino gihe.

Parcem rero ikaba isaba reta ko itosubira guha mu minwe amafaranga mvamakungu abarwizatunga baja kurangura hanze.i banki nkuru y’iguhugu itegerezwa gutanga intumbero y’ikoreshwa ry’amafaranga y’agaciro igenga ibidandazwa birekuriwe kwinjizwa n’ayo mafaranga,I banki nkuru y’igihugu ngo ikwiye kuvanwa mu biro vy’umukuru w’igihugu igatwarirwa mu bushikiranganji bw’ikigega ca reta maze urwego rw’umukuru w’igihugu rugasuzuma gusa ibikorwa vy’uko ayo mafaranga ariko arakoreshwa.aho ngo hoba ari muntumbero y’uko ata munyepolitike akoresha banki nkuru y’igihugu uko avyishakiye.ikindi kandi ngo hakwiye gukorwa icirwa-suzuma co kwihweza ivyo Faustin Ndikumana yita”akajagari”kakozwe mw’itangwa ry’amafaranga y’agaciro kuva muri 2019.

Faustin Ndikumana arangiza asaba ko abenegihugu bamenyeshwa aho dosiye y’uwahora arongoye i banki nkuru y’igihugu igeze.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments