Umugambwe CNL uriyamiriza itotezwa ry’abanywanyi babo

0

Mw’ikete umunyamabanga mukuru w’umugambwe Conseil National pour la Liberté ‘’CNL’’, umushingamateka Simon Bizimungu yasohoye kur’uyu wa mbere amenyesha ko abanywanyi b’umugambwe CNL bageramiwe mu ntara za Muyinga, Kirundo, Rumonge, Gitega, Ngozi, Karusi, Rutana, Bujumbura, Bubanza, Cibitoke. Abo banywanyi b’umugambwe CNL bakaba bagirizwa gukoresha amanama atamenyeshejwe naho boba bahagaze ari babiri mw’ibarabara.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNL urongowe na Rwasa Agathon yahoze arongoye umugambwe n’umuhari FNL yagiriza abari mumugambwe CNDD-FDD n’abajejwe intwaro umutekano n’ubutungane ngukora ayo mabi.

Ivyo rero ngo birateye umutima uhagaze abanywanyi b’umugambwe CNL kuko uko ivyo vyaha bikorwa nikumwe mu ntara zavuzwe. Ivyo rero bigatuma demokarasi isubira inyuma mu Burundi hagasubira intwaro y’umukazo, nkuko bisomwa mw’ikete ry’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNL, honorable Simon Bizimungu.

Umugambwe CNL  urahoza imiryango yose iriko iraca mu bihe bigoye cane cane abari mu ntara ya Muyinga muri komine Butihinda aho hari abamaze kuhasiga ubuzima. Uwo mugambwe ukavuga kandi ko wifatikanije n’abafunzwe n’abakomeretse bose bazira umugambwe CNL.

Umugambwe CNL urasaba irekurwa ry’abanywanyi babo bazira ivyiyumviro vyabo vya politique no gushengeza abahohoteye abanywanyi b’uwo mugambwe. Umugambwe CNL ugasaba amakungu gukurukiranira hafi uko gutotezwa.