Umugambwe CNL ubaza impamvu abanywanyi bawo bafatwa igihe cose habaye ibitero.

0

Mw-itangazo wasohoye kuri uyu wa gatandatu rigategwako umukono n-umuvugizi w-uwo mugambwe Therence Manirambona, CNL iriyamiriza  ibitero bimaze iminsi biba mu Burundi bikaguma vyaka ubuzima bw-abarundi baba bitekaniye.Burundi: CNL ivuga ko abantu bayo barenga 200 bafunzwe baregwa 'gutoba  amatora' - BBC News Gahuza

Uwo mugambwe ugasaba Leta ahubwo  gukora amatohoza neza kugira hamenyekane kubariko barahungabanya umutekano w-abarundi n-uburundi  hanyuma abanywanyi  bawo bareke kuza barafatwa ndetse no kwinubwa.Image

Mw-iryo tangazo,   Umugambwe CNL umenyesha ko  hamaze gufatwa abanywanyi  bawo 27 inyuma y-igitero  cabaye muri komine Rutegama kuwa 26 Ruheshi 2021  ko kandi mu basize ubuzima mw-ico gitero  harimwo abanywanyi bawo 7.