Evariste Ndayishimiye yoba agiye kwiyambura bamwe mu bategetsi basahura ubutunzi bw-igihugu?

0

Mw-ijambo yashikirije ku musi wo kwibuka imyaka 59 ihaciye uburundi bwikukiye,  Umukuru w-igihugu c-uburundi  yaragabishije indongozi zoba zaragiriraniye amasezerano n-abanyamahanga avuga ko arayo kwiba ubutunzi  bw-igihugu ko ayo masezerano agiye yose gufutwa.May be an image of 2 people and people standing

ˮUwuziko yanyaze itongo rya Leta asubize kare, uwuziko yanyaze ubutare bwa Leta aguma yiyimbishiriza yishorera asubize, Hariho abarundi  bagiye gukorana n-abanyamahanga baraza barasinyiranira amasezerano yo kwiba ubutunzi bw-igihugu, nagombe  mbwire abo barundi nyene musubire kuri barya nyene mwakoranye mubabwire  yuko tugire tubisubiremwo ayo masezerano yose turayafuta ntagisivya . Uno musi ndabatangarije ko itunga ry-uburundi ar-iry-abenegihugu siry-umuntu‟ yabivuze mw-aya majambo Perezida Ndayishimiye.

Umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye avuga ko kimwe  muvyatumye  igihugu kidatera imbere  ari uko hari indongozi zafashe itunga ry-igihugu ririgira iryazo.

Tubamenyeshe ko muvyegeranyo vyasohowe akatari gake n-ishirahamwe OLUCOME rimwe na rimwe na PARCEM  vyaravuga ko ubutunzi bw-igihugu c-uburundi buri mu karwi gato k-abategetsi b-ibihangange ndetse banegereye umukuru w-igihugu. Ako karwi karanyuruza, kakanasesagura amatungo ya Leta atawugakomakoma kuko ngo gafise inguvu nyishi zigomba gusumba iza Leta.