Abakozi b-ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi bacandazwe Covid19.

0

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 5 Mukakaro 2021 niho hatanguzwa incanco z-umugera wa coronavirus ku bakozi bose begukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi .WHO Burundi on Twitter: "As UNRC ai, @WhoBurundi pleased to welcome Dominic  McSorley, @Concern WorldWide Chief Exécutive & Russell Gates, #Burundi  #Rwanda Country Representative. Discussions focused on @WHO & @UN agencies  state

Ico gikorwa co gucandaga abo bakozi ba ONU mu Burundi catangujwe na muganga  Xavier Crespin asanzwe aserukira ishirahamwe ry-amagara y-abantu kw-isi OMS  mu Burundi, akanaba kandi ariwe ajejwe  gukurikirana  ivyerekeye incanco za coronavirus zitangwa kw-abo bakozi . Ico gikorwa co gutanga izo ncanco cabereye  mu bitaro  vyegukira  ishirahamwe mpuzamakungu  ONU biri mu gisagara ca Bujumbura.

Uwo aserukira OMS mu Burundi Dr Xavier Crispin akaba yabaye uwa mbere  mu guhabwa urwo rucanco  akaba yongeye gukurikiza  ya minota 15 isabwa kugira ngo barabe  ko ata ngaruka mbi z-urwo rucanco  zokwibonekeza.

Tubamenyeshe ko naho igihugu c-uburundi kitaremera ko hozanwa incanco za coronavirus , abasirikare b-uburundi bari mu butumwa bwo kugarukana amahoro muri Somariya baza baratanguye guhabwa izo ncanco babifashijwemwo n-ibiro vya ONU mw-ico gihugu.