Umugambwe CNDD-FDD wagarukiye ku banya Kirundo bishwe na kigoyi.

0

Mu gihe abanyagihugu bo mu ntara ya Kirundo, na cane cane muri komine Busoni mu buraruko bw’Uburundi, hari inzara izura inzara kubera hatse uruzuba rudasanzwe, umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, wifashe mu jisho maze uragarukira kuri abo Barundi bishwe na kigoyi.

Abanyagihugu bamwe bamwe bakaba bari batanguye no guhungira mu bihugu bibanyi kubera ico kiza c’inzara kizura inzara mu ntara ya Kirundo.

Umugambwe CNDD-FDD watanze itoni 38,315 z’ibifungurwa nizo zahawe abenyagihugu b’i Busoni mu Kirundo.

Soma kandi: Kirundo: Inzara irabica bigacika.

Umunyamabanga mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD Gnl Maj Evariste Ndayishimiye, yemereye abenegihugu bo muri Komine ya Busoni mu ntara ya Kirundo ko agiye gusaba Reta y’Uburundi yige ikibazo kijanye no kuvomera imirima muri iyo komine ikunze guhura n’uruzuba, niko uwo mugambwe wamenyesheje.

Hari kuri uyu wa kane 14/2/2019, mu gihe Ubuserukizi bukuru bw’Umugambwe CNDD-FDD bwari bwagendeye abo banyagihugu bubashiriye akaganuke kagizwe n’itoni 38,315 z’ibifungurwa bigizwe n’ibiharage, ibigori, umuceri, ubududu n’ifu yabwo, ingano n’ibiraya.