NEWS

Kirundo: Inzara irabica bigacika.

on

Intara ya Kirundo mu Buraruko bw’Uburundi yamye yibasirwa n’ikiza c’inzara mu mezi atangurira umwaka, nubu yasubiye kwibasirwa n’ico kiza aho abantu bamwe bamwe bariko bata izabo bahungira mu gihugu c’Urwanda.

Ikomine ibangamiwe cane ikaba ari Busoni yo muri iyo ntara aho abanyagihugu baho bamenyeshako ata mvura ihari neza kugira barime, kandi bakamenyesha ko ‘batagira ico bafungura’.

Umushikiramganji wo gufatana munda , Martin Nivyabandi, aheruka kumenyesha ko ikiza c’inzara cateye mu Kirundo, maze asaba ko abafise ivyo bafungura boraba bakagarukira ku batabifise mu kurimdira ko leta igira ico ikora ku bw’abo Barundi bishwe na kigoyi.

Umunyagihugu umwe twayaze yatwiganiye ukuntu atangara n’ukuntu Abarundi bamwe bamwe bata izabo bahunga Uburundi kandi interereano zama zatanzwe muri leta.

Uwo munyagihugu atashatse kwivuga izina yagarutse ku ntererano y’amafaranga y’marundi ashika ku miliyaridi zibiri ziheruka gutangwa mu gikorane catunganjijwe na CNDD-FDD mu ntara ya Gitega, akibaza ukuntu iyo ntererano itokoreshwa mu kugarukira kuri iyo miryango yishwe na Kigoyi mu Kirundo.

Abanyagihugu bo mu ntara ya Kirundo bakaba basaba imfashanyo yihuta y’ibifungurwa kugira bahangane n’ico kiza c’inzara.

Recommended for you