UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Umugambwe Cndd-Fdd utinya guhiganwa na Agathon Rwasa-Fréderic Bamvuginyumvira

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwurongoye urunani Cfor-Arusha Fréderic Bamvuginyimvira avuga ko Umugambwe Cndd-Fdd utinya guhiganwa na Rwasa Agathon arico gituma basambuye umugambwe wiwe Cnl kandi bikerekana ko umugambwe Cndd-Fdd atavyiyumviro birashe ufise Atari gusambura imigambwe itavuga rumwe nayo bakazana za nyakuri.kubw’iwe avuga ko bitebe bitebuke abarundi bazokwikurako intwaro y’agahotoro ya Cndd-Fdd


Fréderic Bamvuginyumvira agira ati:«Muvyukuri twarakwirikiranye ivyabaye kuri uyu w’Imana uheze aho umugambwe Cnl wakwa ubutegetsi bakabukura mu minwe ya Agathon Rwasa bakabushira mu minwe ya Nestor Girukwishaka kubwacu rero twarabineguye kuko twari tuzi ko umugambwe Cndd-Fdd wikubise agashi utagisubira kugira za ngendo wahozemwo zo gusambura imigambwe ukazana za nyakuri kugira Cndd-Fdd abe ariwo uguma kurubuga rwa politike wenyene ivyo kandi twarabibonye kuva kera si bishasha Dr JMinani bamuhaye Frodebu nyakuri,Jacques Bigirimana bamuha FNL nyakuri n’ejo bundi Rwasa atanguje amizero y’abarundi,twarabonye ingene yagiye agira ibibazo gushika aho agira umugambwe CNL.rero Cnl ntiwari bwacikemwo amashami ariko birangiye uciwemwo kubiri.rero Cndd-Fdd ntavyiyumviro bafise uretse gusambura imigambwe bagakoresha inguvu,iterabwoba no kurwana.»

Ubutegetsi bwa Cndd-Fdd bukwiye kureka imigambwe yose ikaja kurubuga rwa politike uwufise ivyiyumviro vyo kwubaka igihugu birashe atware igihugu kandi uwutavuga rumwe na Leta s’uwo kwicwa kanke kwangazwa kuko hari vyinshi baterera mu migambi myishi ya Leta.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments