UBM News ads UBM News ads
Sunday, April 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leta ya Cndd-Fdd igamije kuzimanganya Agathon Rwasa muri Politike-Chauvineau Mugwengezo

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Chauvineau Mugwengezo arongoye umugambwe Upd-Zigamibanga avuga ko bibabaje kubona ubutegetsi bwa Cndd-Fdd burangwa no kwama busambura imigambwe itavuga rumwe,inyuma yo gusambura UPD,Frodebu,FNL,Uprona,Msd bobo birukanywe burundu,ubu naho Cnl barongeye kuyisambura.Rero ico bagamije n’ukuzimanganya ubuzima bw’Agathon Rwasa muri Politike.


Chauvineau Mugwengezo agira ati:«ubwo butegetsi bwanka uwo wese akoresha iyindi mvugo bobo badashaka,uku tuguma duterera ivyiyumviro vya politike kandi vyubaka igihugu cacu ducika abansi ba Leta.ubwo butegetsi uko bukeye uko bwije bwama bufise intumbero yo gusambura imigambwe bitavuga rumwe.twebwe muri upd vyaratubayeko,Frodebu,Uprona,Msd bobo birukanywe burundu.umugambwe warusigaye vyitwa ko warukomeye wari Cnl kandi vyaboneka ko watsinze amatora.birababaje ibishikiye umugambwe Cnl ikibabaje nuko ataho bazoronka bitwara kuko mu Burundi nta bucamanza buriho,uburundi buigaye ari ishamba aho akaruta akandi kakamira kandi nyene ikirindi niwe nyene imbugita.»

Chevineau ibi yabimenyeshe inyuma yaho Rwasa Agathon akuriwe kuburongozi bw’umugambwe Cnl bidakurikije amategeko hari ingozi mw’ikoraniro kaminuza ryatumweko n’akarwi k’abashingamateka 10 kadashigikiye uburongozi bwa Agathon Rwasa aho yasubirijwe na Nestor Girukwishaka.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments