UBM News ads UBM News ads
Sunday, July 14, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Umugambwe Cndd-Fdd niwe wenyene wiharije urubuga rwa politike-SOS-Torture Burundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuvugizi wa SOS-Torture Burundi Denis Ndayishemeze amenyesha ko umugambwe Cndd-Fdd ariwe wenyene ugaragara k’urubuga rwa politike aho iyindi migambwe cane cane iyitavuga rumwe na Cndd-Fdd isa n’iyitakibaho mu gihe himirije amatora ya 2025.Ibi biri cegeranyo ca Sos-Torture Burundi kijanye n’ivyo intwaro n’imibano kuva mu kwezi kwa Munyonyo 2023 gushika muri ruhuhuma 2024.


Dennis Ndayishemeze agira Dennis Ndayishemeze agira ati:«muvyerekeye intwaro na politike,biribonekeza ko umugambwe Cndd-Fdd ariwe wenyene wihariije urubuga rwa politike aho imigambwe cane cane iyitavuga rumwe n’ubutegetsi isa niyitakibaho mu gihe buca haba amatora.ukwivanga kwa Leta y’uburundi muvyerekeye ubwigenge bw’imigambwe canke amashirahamwe adakiranira ivyicaro vya politike vyerekana ko ayo matora ata bwigenge azogira.muvyerekeye ivy’intwaro kandi haribonekeza ukumvikana guke mubasirikare b’uburundi bariko bashorwa mu ntambara badatahura muri Kongo mu ndwano ico gihugu kiriko kirwana n’umuhari M23 aho abasirikare b’uburundi bariko barwana bambaye imyambaro y’igisirikare ca Kongo kandi bakaba bariko bahatakariza abasirikare benshi,bari bakwiye kwanka kuko bariko bazira inyungu z’abanyepolitike.»

Dennis Ndayishemeze arongera ati:«Muvyerekeye intwaro n’ubutunzi,haribonekeza ubukene budasanzwe mubanyagihugu b’uburundi ivyo bigaterwa n’ikena rikabije ry’ibicuruzwa bimwe bimwe nk’isukari,inyobwa vya Brarudi,amafranga y’agaciro tutibagiye igitoro.»

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments