UBM News ads UBM News ads
Sunday, July 14, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Agathon Rwasa yagirizwa kuryanisha abanywanyi b’umugambwe CNL-Marie Immaculée Ntacobakimvuna

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushingamateka Marie Immaculée Ntacobakimvuna aturuka mu mugambwe Cnl amenyesha ko icatumye rwasa akurwa kuburongozi bw’umugambwe Cnl ari uko Rwasa yaryanishije abanyamugambwe,ahonyanga amategeko y’umugambwe nay’igihugu hama ntiyumvirize ivyo asabwa n’abanywanyi ba CNL.Ibi yabivugiye mw’ikoraniro kaminuza ryatunganijwe n’uruhande rutemera Agathon Rwasa nk’umurongozi w’umugambwe CNL ejo ku musi w’Imana I Ngozi.

Marie Immaculée Ntacobakimvuna agira ati:«Twaramusavye kenshi kubahiriza amategeko y’umugambwe nayo igihugu ariko ntiyigeze avyumva ararahira ararengwa maze aho kwegerana,twabandanije dutatana nyabuna aho kumviriza akamo mutahengeshanije kudutera ,we yabandanije aturyanisha habandanya higanza urwanko rutagira izina harabura ihumure na gitabara ariko rero abarundi barayamaze ngo”ahari abagabo ntiharwa ibara”.»

Muri iryo koraniro ryabereye I ngozi ejo ku musi w’Imana uheze Marie Immaculée Ntacobakimvuna yahavuye amenyesha ko uwugiye gusubirira Rwasa Agathon k’uburongozi bw’umugambwe CNL ari Nestor Girukwishaka aho agiye kuyobora uyo mugambwe ikiringo c’imyaka 5

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments