UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leta y’uburundi ikwiye gutumako inama rukokoma yerekeye umuyagankuba-Gabriel Rufyiri

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Gabriel Rfyiri arongoye ishirahamwe OLUCOM ryishinze kurwanya ibiturire no gusesagura matungo ya Leta atera akamo Leta y’uburundi gutumako inama rukokoma yiga ivyerekeye umuyagankuba.kubwa Olucom Leta ntishobora no gushika ku mbona kazoza ya 2040 uko igihugu cifashe hamwe na 2060 igihugu giteye imbere mu gihe ibintu vyobandanya uko biri uyu musi.ibi abivuze afatiye kw’icikagurika ry’umuyagankuba rimaze igihe ryibonekeza mu gihugu ndetse no mu gihugu hagati.


Gabriel Rufyiri agira ati:«Leta y’uburundi ikwiye gutunganya inama rukokoma yoraba ibijanye n’umuyagankuba.tuguma twumva yuko hariko harubakwa ingomero ngaha na hariya ariko ivyo bintu umuntu akabirindira bigahera mu nzira.»

Uwo arongoye Olucom avuga kandi ko ata terambere rishoboka mu gihugu mu gihe igisata c’umuyagankuba kigoyagoya,agira ati:«murabizi neza ko ata terambere na rimwe rishoboka igihe ata muyagankuba uhari.iterambere mu gihugu kugira ribe ufatira ubwambere kuvyerekeye umuyagankuba,ntushobora no kwiyumvira mbere n’ibikorwa vy’abantu baba bakuru ni ukuvuga amahinguriro makuru n’abo amahinguriro matomato nkaba basya ubududu,ingano eka n’abantu bakora imyuga mitomito nkaba basudira n’ibindi,bose ubuzima buca buhagarara.icibagiwe coco amatara aracika akagenda akagaruka mbere akagenda aturiye n’ibintu. Mbere ku mbona kazoza ya 2040 uko igihugu cifashe hamwe na 2060 igihugu giteye imbere bimeze nk’indoto mugihe ibintu vyobandanya uku biri uyu musi.»

Hamaze igihe hibonekeza icikagurika ry’umuyagankuba mu gisagara ca Bujumbura ndetse no mu gihugu hagati bikaba vyatumye abakora ibikorwa bisaba ikoreshwa ry’umuyagankuba bagira uruhombo runini.Bakaba basaba Ishirahamwe Regideso gutorera umuti ico kibazo.Umuyobozi wa Regideso Dr Ir Jean Albert Manigomba ahaba yaheruka kumenyesha ko ikibazo c’icikagarika ry’umuyagankuba rigiye guherana na ntwarante kubera bari mw’igerageza ry’umuyagankuba mushasha uva ku rugomero rwa Rusumo Force na Kabu 16.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments