Kuri uyu wa gatandatu w’indwi twaraye dusozeye, abakenyezi bo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD barahimbaje umusi mukuru wabahariwe . Ibirori vyabereye ku murwa mukuru wa politike i Gitega . Kabaye akaryo kuri Reveriyano Ndikuriyo , umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, ko kugabisha kwica umuntu wese yogerageza kurenga imbibe z’uburundi akaza gutera igihugu.
Uwo musi wiswe n’umugambwe CNDD-FDD Umukenyerarugamba day wahimbarijwe mu ntara ya Gitega. Yitaba ivyo birori, Reveriyano Ndikuriyo yarashimagije intambara akoresheje imvugo ifobetse nkuko yama yabikoze kenshi.
“Jenerari Majoro Evariste Ndayishimiye yaramaze kubivuga , uburundi ntibuzosubira kuvogerwa . Imbibe zose ziracunzwe neza, tuzobamesa. Umwana w’ingwe n’iyo ngwe nyene”niko Yavuze.
Yaremeje kandi ko umugambwe arongoye ariwo ujejwe ivyo abarundi bakeneye , arivyo kuvukano gukurira mu mahoro.
“Muvyaye abana banyu bagakura, nimba mushobora kwiga kandi mugashobora guheza ivyirwa vyanyu , nimba murima mugashobora kwimbura , siko vyari biri imbere yuko tuja ku butegetsi . Mubibaze abakuze , bazobabwirauko vyari vyifashe”niko vyemejwe n’umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD.
Reveriyo Ndikuriyo akaba yahamagariye abakenyezi baturuka mw’uwo mugambwe wiwe gukora cane mu ntumbero yo kurwanya ubukene buguma bwiyongera mu gihugu c’uburundi.