Thursday, December 1, 2022
HomeNewsUkwinjira kw’abarundi muri serbiya ata Visa batswe vyahagaritswe.

Ukwinjira kw’abarundi muri serbiya ata Visa batswe vyahagaritswe.

Ukwinjira kw’abarundi ku butaka bw’igihugu ca Serbiya ataruhusha rwokinjira mw’ico gihugu bita Visa vyahagaritswe n’ico gihugu. Kiretse abafise impapuro z’inzira z’abanyacubahiro bita ‘passport diplomatique’ canke iz’akazi bita ‘passport de service’ nibo bonyene bemerewe kwinjira muri serbiya ata VISA basabwe.

Serbia flag, three dimensional render, satin texture

Amakuru ava muri bamwe mu bategetsi b’igihugu ca Serbiya, Ico gihugu caridogewe cane n’ibihugu nka vyose vyo mu muryango ugize ubumwe bwa buraya , ico gihugu kinasanzwe kiriko kisaba kwinjira mw’uwo muryango, ko kiriko gifasha cane guha ubwinjiriro bw’abimukira batari bake bagana mu bihugu bigize uburaya bitewe nuko benshi muri bo binjira mw’ico gihugu ata ruhusha rwa visa barinze gusabwa.
Mu kwinjira mu muryango w’ubumwe bwa buraya, igihugu cose cipfuza kwinjira mw’uwo muryango muvyo kibanza gukora ni ugukwirikiza uko impusha za VISA zitangwa muri uwo muryango. Ico rero kikaba arico coba catumye Serbiya itangura kwitunganyamwo mu ntumbero yo kwinjira mu muryango w’ubumwe bwa buraya.

Tubamenyeshe ko kuva aho Leta y’uburundi hamwe n’igihugu ca Serbiya bitereye umukono ku masezerano yemerera umurundi wese yipfuza kuja muri serbiya ata VISA azosabwa hari mu mwaka wa 2019, Umurindi munini w’abarundi wariyongereye cane mw’iy’imisi baja mw’ico gihugu berekeza mwa bimwe mu bihugu vyo mu muryango w’ubumwe bwa burayi . Igihugu c’ububirigi kikaba arico ca mbere kiriko cakira abarundi benshi aho ico gihugu kimenyesha ko abarundin basaba ubuhungiro iki gihe birwije n’incuro umunani

Must Read