Thursday, June 8, 2023
HomeNewsAbarundi bankiwe kuja Serbiya bugaraniwe muri Turkiya ngo ntibarota bagaruka I Burundi.

Abarundi bankiwe kuja Serbiya bugaraniwe muri Turkiya ngo ntibarota bagaruka I Burundi.

Abarundi bababa 200 bagizwe n’abana , abagore n’abagabo bamaze hafi indwi zibiri muri ‘transit’ y’ikibuga c’indege ca Istanbul mu gihugu ca Turkiya , babujijwe kubandanya urugendo rwabo rwo kuja mu gihugu ca Serbiya. Abo barundi bakamenyesha ko ubuzima babayemwo mw’ico kibuga c’indege ca Istanbul bumeze nabi cane, Ariko naho babayeho nabi bamenyesha ko batarota basubira mu Burundi iyo baje bava kuko basize bagurishije utwabo twose ku buryo batoronka ukwo bobaho.

Nkuko tubikesha iradiyo y’abongereza BBC, Abategetsi b’igihugu ca Turkiya batanguye kubwira abo barundi ko bategerezwa gusubira iyo bava kuko ata Visa bafise, ivyo bo babona ko ari akarenganyo bakorewe kuko ata muntu yakwa iyo Visa akiri muri ‘transit’ atarashika mu gihugu agiyemwo.
Umwe mw’izo ngenzi yavuganye na BBC avuga ko gusubira I Burundi atavyo abona kuko bagiye bagurishije utwabo twonse kugira haboneke itike irenga imiriyoni 10 z’amarundi maze niyo bashika I buraya baronse akazi batangure kuriha ivyo basize badandaje. ˝ mbe dusubirayo kugira gute ? Umuryango warikokoye ugurisha ivyo ufise kugira nanje nje kurondera hanyuma nze nsubizeho ivyo bagurishije , none raba?” Niko avuga umukenyezi ari mw’izo ngenzi abwira BBC.

Ubushikiranganji bw’uburundi bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu bwaraye butangaje kuri uyu wa gatandatu ko ingingo y’igihugu ca serbiya cari cashizeho yemerera abarundi kwinjira mw’ico gihugu ata Visa basabwe butarayimenyeshwa. Ines Sonia Niyubahwe avugira ubwo bushikiranganji ati :” Iyo ngingo ntiturayimenyeshwa ariko amasezerano dufitaniye n’igihugu ca serbiya nta buza buri gihugu gufata ingingo ku bwigenge bwaco”

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...