Amashirahamwe 28 adaharanira ivyicaro vya politike yarandikiye umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye ari nawe arongoye inama y’abakuru b’ibihugu vy’umuryango wa Afrika y’ubuseruko bamusaba gushira mu ngiro ingingo iheruka gufatwa na sentare ya Afrika y’ubuseruko aho yemeje ko ikiringo ca gatatu c’umuhisi Perezida Nkurunziza kitari gikwirikije amategeko .
Ni Evariste Ndayishimiye arongoye iki gihe akarere ka Afrika y’ubuseruko , Amashirahamwe adaharanira ivyicareo vya politike yo mu Burundi yandikiye amusaba kugira ico akoze hatunganywe ibiganiro bidakumira vyotuma impunzi ibihumbi amajana zitahuka mw’iteka mu gihugu c’amavukiro. Ivyo biganiro bitunganijwe n’akarere ngo vyotuma kandi abarwaniye iyubahirizwa ry’ibwirizwa shingiro basubizwa iteka bakanashumbushwa inyuma yo gucapfuzwa no kunyarwa ivyabo biciye mu butungane bwakoreshejwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD bubashira no ku mitahe itahawe agaciro n’igihugu na kimwe co kw’isi . Ivyo umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye ngo yobikora mu ntumbero yo gushira mu ngiro urubanza rwaciwe na sentare ya EAC ruvuga ko ikiringo ca gatatu c’umuhisi Nkurunziza yasubiriye cahonyanze amasezerano ya Arusha , ibwirizwashingiro ry’uburundi hamwe n,amasezerano agenga umuryango wa EAC.
Kubera ko sentare ya Afrika y,ubuseruko yemeza ko amasezerano ya Arusha ahambaye cane kandi ategerezwa gukwirikizwa, ayo mashirahamwe asaba Evariste Ndayishimiye gufasha kugira ngo hasubizweho ibwirizwashingiro ryo mu mwaka wa 2005 na nyarirya ibwirizwashingiro ryo mu mwaka 2018 ryashizweho mu gatotezo nta ngere kandi rishirwaho n’inzego zitari zemewe n’amategeko . Ibindi ayo mashirahamwe asanzwe asaba ni ukureka ibimenyeshamakuru n’amashirahamwe vyigenga vyahunze bbigasubira gukorera mu Burundi , gufuta imanza za politike zaciriwe abarwaniriye iyubahirizwa ry’amategeko , kubakurako imitahe y’akarenganyo no kubasubizwa ivyo banyazwe , gufungura atagisabwe abarwanije ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza harimwo rero n’abagize uruhara mw’igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015 hamwe no kureka abanyepolitike bahunze bagasubira kurangura imirimo ya politike mu gihugu mu mwidegemvyo nta ngere.