Mw’iki gihe hariko haboneka imvugo zivuguruzanya hagati y’abategetsi barongoye igihugu c’uburundi ; Ukwo kuvuguruzanya kw’abategetsi kuriko kuboneka cane cane kuri bimwe mu bibazo biriko bihanga abarundi; aha twovuga nk’ibura ry’igitoro ririko rihangayikisha abarundi hamwe rero n’ikibazo kijanye no kudugiriza imishahara abakozi ba Leta biciye mu mugambi wa Leta wo kubanganishiriza imishahara . Abatari bake mu barundi bahaye babona ko abategetsi b’uburundi batariko babona kumwe iki gihe ivya kazoza k’igihugu.
Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye mu majambo aheruka kuvugira mu ntara ya Ngozi yemeje ko mu kiringo c’ukwezi kumwe gusa ikibazo kijanye n’ibura ry’igitoro mu gihugu kizoba catorewe umuti. Inyuma y’imisi mike , umushikiranganji wambere Alain-Guillaume Bunyoni imbere y’abashingamateka,yamenyesheje ko igitoro kw’isi ari gike ko nyabuna abarundi botangura kwiga gucumbagira kuko atawuzi ryari inyishu izobonekera.
Ukwo kuvuguruzanya hagati y’abategetsi b’uburundi kurabandanya no ku kibazo kijanye no kunganisha imishahara mu bakozi ba Leta. Kubw’umushikiranganji w’ikigega ca Leta, Domitien Ndihokubwayo ati imishahara ifatiye kw’iryo tegeko ntizoboneka kuko kuyiharura bisaba ubuhinga uburundi budafise ariyo mpamvu hakenewe abahinga mpuzamakungu bashoboye ico gikorwa. Ariko icegera cambere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza avuga ko ivyo vyatangajwe na Domitien Ndihokubwayo ari ikinyoma. Igihe kuri uyu wa gatanu yari mu ntara ya Gitega hariko haba ihayanishwa ry’akazi ,Bazombanza ati :«Ntihagire ababajuragiza ngo bariko barondera aba experts hirya no hino (…) ni ukwiteza utunyoni sivyo na gato»
Uy’umunyagihugu wo mu kumurwa mukuru w’ubutunzi i Bujumbura atashimye ko tumuvuga izina n’ukwihebura kwinshi agira ati:«Burya ico mpaye ndabona nuko ibintu mu gihugu bitameze neza kuko ndabivuga ndavye uko abategetsi bacu bavuga indimi zibiri zidasa kw’ibi bazo biriko biduhanga. Noremye none ndabona nabone vyabacanze kuko babuze ukwo babifata. Eka nyene nkukwo umushikiranganji wambere yabidusavye ni ukuba turiga gucumbagira nayahandi ho ntitubona iherezo ry’ibibazo bihaze iki gihe ubutunzi bw’uburundi»
Hari ababona yuko abategetsi bayoboye uburundi iki gihe batariko bafatana munda kugira batorere inyishu ibibazo bihanze abarundi; kuko ikivyerekana ni izo mvugo zibiri zivuguruzanya zabo kandi bari muri Leta imwe.
Recent Comments