UBM News ads UBM News ads
Sunday, April 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Perezida Ndayishimiye avuga ko ababazwa n’indongozi zimwe zimwe zicanwa abantu zirorera.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye avuga ko ababazwa cane n’indongozi zimwe zimwe zicanwa abantu zirorera. Ko mbere usanga harimwo na bamwe bari mu nzego z’umutekano babirimwo. Arongera akamenyesha kandi ko arizwa no kubona hari indongozi zitegeka kwica abo zirongoye. Varisito Ndayishimiye yabitangaje kuri uyu wa gatatu mu nyigisho zo gukunda no gukundisha igihugu abarundi bakorera mu mahanga bari muri iki gihe i Ngozi.

Perezida Ndayishimiye ati :« (…) Nuko nyene amosozi y’umugabo atemba aja mu nda jewe ndumva ko aruko ndira  kuko nsinshobora kwumva indongozi ishobora gutwara igihugu bakakwicana abantu uriko urarorera gutyo »

Varisito Ndayishimiye yabandanije amenyesha ko kugira ubutegetsi arongoye butore akarwi kanyuruza abantu vyagoranye kuko muri ako karwi yagiye kwemera neza asanze gakoreshwa n’abajejwe umutekano .

Uwo arongoye uburundi iki gihe asaba abarundi gufatana munda bataravye ubwoko n’ibindi Kubwiwe, ngo abanyagihugu bakwiye kuja hamwe bakarwanya inkozi z’ikibi  bataravye uwugiriwe inabi uwo ariwe.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments