Leta y’uburundi ikurira inkoni ku gishitsi inzego z’umutekano n’izo kwivuna abansi ko batarabwa n’itunganywa rishasha ry’imishahara . Vyashikirijwe kuri uyu wa 17 Myandagaro 2022 na Prosper Ntahorwamiye , umunyamabanga akongera akaba umuvugizi wa Leta hari igihe hariko harirwa mu nama nshikiranganji urwandiko rujanye n’ishirwa mu ngiro ry’iryo tunganywa ry’imishahara ku bisata bikukira Leta.
Nkuko biri mw’itangazo ryasomye na Ntahorwamiye, Abashikiranganji berwa n’izo nzego zibiri bakaba basabwe kuja kubisigurira abo barongoye kugira ntibahave babitahura ukutariko.
Tubamenyeshe ko bamwe mu basirikare n’abapolisi batoya boba bamaze imisi bidogera ku mushahara bahabwa kuko ari nkuko bavyivugira intica ntinkize baravye n’ukuntu ibintu mu gihugu vyaduze ku rugero ruteye ubwoba. Umwe mu basirikare w’ipete rya caporal yinjiye mw’urwo rwego haciye imyaka itanu ariko atashimye ko tumuvuga izina mu kwidoga kwiwe agira ati :« Mu bihumbi 60.000 vy’amarundi duhembwa ku kwezi nasanze n’igitenge c’ibihumbi 55000 vy’amarundi ntoshobora kukigurira umugore wanje canke umuvyeyi yanyibarutse kiretse mbanje gusaba aka découvert muri banki. Nukuri mu bakozi ba Leta ndabona twebwe ntiturimwo , turanasuzuguwe cane kandi aritwe tucungereye umutekano w’igihugu»