Ukuri ku bibazo bikomeye RWASA agathon ariko aracamwo

0

Agathon RWASA, icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi ashobora gutabwa muri yompi, imigambi y’ukumukurako ubudahangarwa ikaba iriko irategurwa n’umurwi ukomeye w’abayoboka umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Ku ruhande rwiwe, iyo ari mu rugendo rw’akazi mu gihugu ca Afrika y’epfo, RWASA Agathon abandanya kubonana mw’ibanga n’abayoboke biwe mu gisagara ca Cap Town, ariko naho nyene akaba atorohewe, kuko abanywanyi biwe bamusaba ko yobasigurira ingene ari mu batavuga rumwe n’ubutegetsi kandi asanzwe ari muri Reta.

Ikinyamakuru UBM News kiragaruka ku bihe bitoroshe Agathon RWASA ariko aracamwo, aho hari akarwi karongowe na Petero NKURUNZIZA kamaze iminsi gategura ingene RWASA Agathon yotabwa mu mvuto, ahorwa ko ari mu kibanza kimutuma amenya amabanga menshi y’ubutegetsi bwa CNDD FDD, bikavugwa ko ico ubutegetsi bwamushakako yari ukwereka amakungu ko amatora yagenze neza, kandi imigambwe yahiganwe iri muri Reta, ivyo navyo muri CNDD FDD bakabona ko vyaheze.

prob

Amakuru ikinyamakuru UBM News gifise avuga ko Alain Guillaume BUNYONI, umushikiranganji w’umutekano ariwe yahawe igikorwa c’ukuzoshikana mu butungane Rwasa Agathon, abifashijwemwo na Valentin BAGORIKUNDA umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi. Pascal NYABENDA umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi yahawe nawe igikorwa c’ukuzokora ibishoboka vyose kugira RWASA Agathon akurweko ubudahangarwa, ari navyo bizoshoboza ubutungane kumutumako yagirizwa bwa bwicanyi bwahitana abanyamurenge mu Gatumba. Inyuma y’ugutumwako mu butungane, bitegekanijwe ko RWASA Agathon azoca arungikwa ubutarariye mw’ibohero rikuru rya Mpimba mu kibanza cahoramwo Hussein Radjabu aheruka gutoroka ibohero.

Amakuru hano kuri UBM dufise n’uko Reta y’Uburundi ibandanya imibonano n’imiryango y’Abanyamurenge babuze ababo, kugira iyo miryango ibandanye kuremera ubutungane bw’Uburundi ko bworengutsa RWASA Agathon, bikavugwa ko n’umutahe mpuzamakungu w’ukumuhagarika wamaze gusohoka.

Mu rugendo rw’akazi aho ari mu gihugu ca Afrika y’epfo, RWASA Agathon abandanya mu kinyegero imibonano n’abayoboke biwe baje guhura nawe bavuye mu mihingo itandukanye. Muri iyo mibonano ibera mw’ibanga mu gisagara ca Cap Town, RWASA Agathon yoba atorohewe kuko abamuyoboka bameze nk’abatakimufitiye icizere, bivanye n’ukubona yaremeye kuja muri Reta.

Rwasa Agathon yoba azogaruka mu Burundi canke agira asubire kwitwa impunzi ? Muri iyo mibonano yo mw’ibanga yoba azoshobora kugarukana icizere mu bayoboke biwe? Tuzobigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.