Umutegetsi muri CNDD FDD yahatswe kugandagurwa

0

Zenon NDARUVUKANYE, inararibonye muri CNDD FDD, akaba yarigeze n’ukuba buramatari w’intara ya Bujumbura, ubu akaba yari umuhanuzi mu biro bikuru vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yarashwe hafi y’ihinguriro ry’ibinyobwa BRARUDI, ariko uwo mugumyabanga wa CNDD FDD akaba ataco yabaye.

Amasasu yarashwe Zenon NDARUVUKANYE yumvikaniye aho bita kuri CHANIC, mu giporisi bakavuga ko bari abagizi ba nabi bagize igitero kuri uwo muhanuzi wa Petero NKURUNZIZA. Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha kandi ko babiri muri abo bari bateye bafashwe, hafatwa n’ibirwanisho bari bafise.

saisi

Abamucungerera ubuzima umwe muribo yapfuye, abandi barakomereka. Igiporisi c’Uburundi kivuga ko cakurikiranye abo bamurashe, kandi ko bamwe muribo bafashwe, hamwe n’ibirwanisho vyinshi. Imodoka abarashe zenon NDARUVUKANYE barimwo yari ifise iparati ndangamuduga (Plaque) nomero B 373A IT. Uwo muduga abaporisi bavuga ko bawusanzemwo ibirwanisho bitandukanye bigizwe n’inkoho zibiri zo mu bwoko bwa Mi kalash, inkoho imwe itera amabombe, kalashnikov zine, hamwe n’amagerenade ane. Abo bantu kandi bafatanywe n’amabombe abiri hamwe n’ibirwanisho vyo mu bwoko bwa RPG nk’uko bivugwa na Domitien NIYONKURU, umukuru w’igiporisi mu gisagara ca Bujumbura.
Igiporisi kivuga kandi ko abo babiri bafashwe, baciye berekana aho babika ibirwanisho mu Kinindo, ahaciye hafatirwa ibindi ibirwanisho vyinshi.

arme