UBM News ads UBM News ads
Friday, June 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ukraine yapfishije abasirikare barenga 1300 mu kwezi kumwe (Umushikiranganji wo kwivuna abansi w’uburusiya)

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’uburusiya butangaza ko muri uku kwezi kwa Munyonyo 2023, Ukraine yapfishije abasirikare bangana 13700 mu ntambara irimwo n’uburusiya.

Sergey Shoigu asanzwe arongoye ubwo bushikiranganji yatangaje kuri uyu wa kabiri ko uretse abo basirikare bapfuye, Ukraine yaranatakaje ibiduga vyo mu ntambara bigera ku 1800 hamwe n’ibindi birwanisho bikomakomeye. Uhereye igihe iyo ntambara ihuza ivyo bihugu bibiri itanguye, Uburusiya bumenyesha ko bumaze kwica abasirikare barenga 90.000 ba Ukraine hamwe no gusambura ibirwanisho vyinshi vy’ingabo z’ico gihugu.

Shoigu akaba kandi yavuze ko hari abasirikare benshi ba Ukraine batanguye kwishikana ku ngabo z’uburusiya inyuma ngo yo kubona ko urugamba barimwo batazorutsinda.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments