UBM News ads UBM News ads
Thursday, June 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

PARCEM ntitahura ico ideni rya miriyaridi 6000 Leta iheraniye amabanki ryakoze mu gihugu.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo PARCEM risaba isubirwamwo ry’integuro y’amafaranga Leta ikoresha ngo kuko uburyo bitunganijwe biri mu bisongera isibe mu bukene uburundi burimwo. Faustin Ndikumana arongoye PARCEM yabitangaje kuri uyu wa gatatu mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru aho iryo shirahamwe ryari riramutse rishikiriza umwihwezo ryagize ku bijanye n’amafaranga Leta ikoresha buri mwaka. Uwo muhinga mu vy’ubutunzi akaba kandi atatahura ico ideni ringana na miriyaridi 6000 Leta iheraniye amabanki yo hagati mu gihugu ryakoze mu gihugu ni mugihe ibisata nka vyose vy’ubuzima bw’igihugu biri mu ngorane zidasanzwe .

Mw’ico kiganiro, Faustin Ndikumana akaba yarababajwe cane n’uko amashure abandanya abura ibikoresho, abaganga bata akazi bakaja gukorera mu bindi bihugu, amabarabara yononekaye , amazi akaba ikibazo, ubushikiranganji bubandanya gukorera mu mazu y’abantu canke ibisata vya Leta bibandanya gukorera aho bipangiye, n’ibindi ni mugihe amadeni Leta yagumye isaba idahengeshanya.

Kubwa PARCEM, ngo ivyo vyose ibona ko biva ku kuntu ingurane Leta iba yatse mu mabanki itayikoresha ibikenewe vyofasha kuduza ubutunzi bw’igihugu. Nk’inyishu irama PARCEM itanga kw’ico kibazo, ni uko Leta yokoresha amafaranga mu muco, hagakoreshwa amafaranga hisunzwe imigambi yihuta kandi inarwiza umwimbu hamwe rero no kumenya gukoresha neza amadeni.

Ku kijanye no gutunganya neza imigambi, Uwo arongoye PARCEM abona ko ubushikiranganji bujejwe gutunganya ibikorwa vya Leta bwosubizwaho gutyo ntihasubira kuba imigambi yitamwo itizwe neza bikarangira ata karusho izaniye igihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments