Leta ya Afrika y’epfo yaraye isavye sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI gusohora umutahe wo guta muri yompi umushikiranganji wa mbere wa Israel Benyamini Netanyahahu bitarenze hagati mu kwezi kwa Kigarama uy’umwaka turimwo Kubera ivyaha vy’agahomera bunwa biriko bikorerwa mu karere ka Gaza n’igisirikare ca Israel.
Umuhanuzi mu biro vya Perezida wa Afrika y’epfo, Khumbudzo Ntshavheni yatangaje kuri uyu wa mbere ko CPI niyo itabikora, bizoba bije kwerekana ikimenyetso co ‘kunanirwa kwuzuye’ kw’ubutegetsi bw’isi. Yagize ati :«Isi ntishobora guhagarara gusa iguma yirabira»
Iradiyo y’abongereza BBC ivuga ko Afrika y’epfo, Bangladesh, Bolivia, amazing ya Comores hamwe na Djibouti, vyatanze ubusabe muri CPI ko hokorwa amatohoza yimbitse nimba hari ivyaha vyo mu ntambara canke ivyo guhungabanya ubuzima bwa kiremwa muntu vyakozwe mu karere ka Gaza.
Israel ikaba ibandanya isigura iriko yirwanira inyuma y’igitero cakozwe n’umuhari w’abanye Palestine Hamas kuwa 7 Gitugutu 2023 uy’umwaka, aho ciciwemwo abantu 1200 nayo abandi barenga 200 baranyuruzwa.
BBC ibandanya ivuga ko Afrika y’epfo imaze igihe ishigikira cane Abanye Palestine bariko baca mu bihe bitoroshe iki gihe. Muri uku kwezi kwa Munyonyo, Ico gihugu co ku mugabane wa Afrika caratangaje ko kikuye abadiporomate baco muri Israel, ndetse kitangaza ko Ambasaderi wa Israel muri Afrika y’epfo atashobora kubandanya aguma aserukira igihugu ciwe muri Afrika y’epfo.
Recent Comments