UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Ukraine imenyesha ko ikeneye abasirikare 500.000 biyongera kubo ifise kugira ibandanye ikomeza urugamba irimwo.

Umukuru w’igihugu ca Ukraine , Perezida Volodymyr Zelensky, yatangaje kuri uyu wa kabiri ko igihugu ciwe gikeneye abasirikare bangana ibihumbi amajana atanu biyongera kubo ifise kugira bafashe mu gukomeza guhangana n’uburusiya mu ntambara ivyo bihugu vyompi birimwo hafi imyaka imyaka ibiri.

Mu kiganiro co kurangiza umwaka yagiranye n’abamenyeshamakuru i Kyiv kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 19 kigarama 2023, yatangaje ko Ukraine ifise ku rugamba abasirikare bamaze igihe kinini bataruhuka bitewe n’ibitigiri vyabo bidahagije.

Akaba yasiguye ko abategetsi bakuru bakuru mu gisirikare bamuhaye icipfuzo cuko hobaho ukwinjiza mu gisirikare abasirikare bashasha bari hagati ya 450.000 na 500.000 kandi ngo ntivyoroshe kuko ico gitigiri ari kinini cane.
Perezida Zelensky yagize ati :« Ni iki kizoba kuri barya bantu bamaze imyaka ibiri barwanira igihugu cacu? Dufise ikibazo kijanye nuko atabandi bahari bobasubiriza hamwe no kubaha ama konje».

Mw’ijambo ryiwe ryo kurangiza umwaka nawe yashikirije kuri uyu wa 19 kigarama 2023, Perezida vladmir Poutine w’uburusiya yamenyesheje ko igihugu ciwe gifise abasirikare 617.000 bahanganye n’abanye Ukraine ko kandi batazohagarika intambara badashitse kw’ihangiro ryabo.

Tubamenyeshe ko igisirikare ca Ukraine kiriko gica mu bibazo bikomeye bitewe n’uko kiriko cimwa ubufasha bwa gisirikare cahora gihabwa n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi harimwo na Leta zunze ubumwe za Amerika. Ivyo bamwe n’abandi babona ko Ukraine yoba iri mu nzira yo gutsindwa iyo ntambara ariko Perezida Zelensky igihe yabazwa ico kibazo akaba yishuye ko batiteze gutsindwa n’uburusiya.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments