UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Rwanda: Ekleziya Katolika imenyesha ko idashobora guha umuhezagiro ababana bahuje ibitsina kuko vyoba bije kuvuguruza ibwirizwa ry’Imana.

Inama nkuru y’abepiskopi katolika mu Rwanda yasohoye itangazo imenyesha abasaseredoti, abihebeye Imana hamwe n’abakirisu bose muri rusangi ko inyigisho za Ekleziya zigisha ivy’ugushingirana gikirisu zitahindutse.

Muri iryo tangazo, Abepiskopi katolika bo mu Rwanda bagaragaje berekana ko Ekleziya idashobora guha umugisha umubano w’ababana bahuje ibitsina kuko ngo vyoba bije kuvuguruza itegeko ry’Imana n’umuco.

Iyo nama y’abepiskopi ikaba kandi yatangaje ko guha umuhezagiro umugabo n’umugore babana mu buryo butemewe na Ekleziya bitakwiriye kwitiranywa n’isakaramento yo gushingirwa.

Ivyo iyo nama nkuru y’abepiskopi katolika yo mu Rwanda ibishikirije inyuma yaho umwungere wa Ekleziya katolika kw’isi Papa Francisco atangarije urwandiko kuri uyu wa 18 Kigarama 2023 rukura intambamyi nyishi ku muhezagiro wohabwa umugabo n’umugore babana mu buryo butemewe na Ekleziya hamwe n’uwohabwa ababana bahuza ibitsina babisangiye.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments