Sunday, September 25, 2022
HomeInternational newsUkraine imaze kuburira ku rugamba ingabo zigera ku 9000 (Umutegetsi mukuru w'igisirikare...

Ukraine imaze kuburira ku rugamba ingabo zigera ku 9000 (Umutegetsi mukuru w’igisirikare ca Ukraine).

Umutegetsi mukuru w’igisirikare ca Ukraine yaraye atangaje kuri uyu wa mbere ko abasirikare b’ico gihugu bagera ku bihumbi cenda aribo bamaze gupfira mu ngwano ihuza ico gihugu n’uburusiya kuva kuwa 24 Ruhuhuma 2022. Jenerali Valeriy Zaluzhnyi akaba yatanze ivyo bitigiri bisa n’ivya mbere vyaheruka gutangwa n’abategetsi bakomeye mw’ico gisirikare.

Uwo mutegetsi mukuru mu gisirikare ca Ukraine akaba yabibwiye abari mu birori vy’ugutera iteka abasekombata n’imiryango y’abasirikare bishwe ko abana rero bakeneye gukingirwa mu bice bitari bike vy’igihugu harimwo n’umurwa mukuru wa Kiev.
Nkuko tubikesha iradiyo Ijwi rya Amerika, Zaluzhnyi akavuga ko ana kimwe abana bumva ku biriko biraba; kubera izo mvo ,bakwiriye gukingirwa . Akamenyesha ko abavyeyi babo bagiye ku rugamba kandi ko bashobora kuba bari mu bashika 9000 bishwe. Akaba atabirenga aho Zaluzhnyi yashikirije.
Valeriy Zaluzhnyi akaba atavuze igitigiri c’abasivire ba Ukraine bagiye kurwanira igihugu canke abasirikare b’uburusiya bamaze kwicirwa mw’iyo ntambara kuva itanguye.

Must Read

Uburangamuntu bwa mbere bukozwe mu buhinga bwa “biométrique” bugiye gutangwa mu...

0
Uburangamuntu bwa mbere bukozwe mu buhinga bwa none bwa "biométrique" bugiye gutangura kuboneka mu Burundi kuva mu kwezi kwa kigarama . Amakomine 11 ya...