UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

REGIDESO ivuga ko itagishoboye gukwiragiza amazi i Bujumbura kubera ko ico gisagara gitera caguka.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe REGIDESO risanzwe ritanga amatara n’amazi rivuga ko ritagishoboye gukwiragiza amazi n’amatara mu gisagara ca Bujumbura; Imvo iryo shirahamwe ritanga ngo ni kubera ko ico gisagara gitera caguka.Ukwo nikwo iryo shirahamwe risigura ku kibazo c’amazi cugarije amakaritiye amwamwe yo mu gisagara ca Bujumbura kumwe n’amwamwe mu ma zone yo muri komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura benshi bita «Bujumbura-Rural».Iryo shirahamwe rikavuga ko ririko ryitunganya kugira ico kibazo c’ikena ry’amazi gitorerwe umuti.

Amatangi y’iryo shirahamwe abiri yubatswe mu mwaka w’1985 vyari bitegekanijwe ko ayo matangi azotanga amazi gushika mu mwaka w’2005.Ivyo bigasigura ko amakaritiye yavutse inyuma y’umwaka wa 2005 atategerezwa kuronka amazi ya REGIDESO mu gihe iryo shirahamwe ritagiye ryisunga umurindi ujanye n’iyaguka ry’igisagara mu kurwiza amazi akenewe. Izo nizo nsiguro zitangwa n’ishirahamwe REGIDESO ku ngorane ijanye n’itangwa ry’amazi meza mu gisagara ca Bujumbura.
Ikindi kivurwa ni igisata kijanye no kumenyesha amakuru mw’iryo shirahamwe mu gusaza kw’umuhora kubera ko umaze imyaka myinshi ukora utaranagurwa. Insiguro ya gatatu ni uko hariho amasoko y’amazi ava mu misozi ihanamye mu gihe c’ici ayo masoko agaheza akagabanya umwimbu w’amazi. Kubw’ivyo rero, Ishirahamwe REGIDESO rikaba rigenda rirakabukanya amazi mu gisagara ca Bujumbura nkuko bibandanya bivurwa n’igisata co gutanga amakuru . Ku kibazo kijanye n’umuhora ushaje, REGIDESO imenyesha ko iriko iratumako ibikoresho bigizwe n’imiringoti hamwe n’ibindi bikoresho bijana kugira ishire mu ngiro ibikorwa vyo gukwega amazi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments