UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

RED-TABARA isaba amashirahamwe yo mu karere na mpuzamakungu gutegeka Leta ya Gitega kugiranira ibiganiro n’abo batavugarumwe.

UBM News ads

Umuhari RED-TABARA wafashe ibirwanisho kugira urwanye ubutegetsi bw’uburundi, wongeye gusaba ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko EAC ,Ubumwe bwa Afrika hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU gutegeka ubutegetsi bw’umugambwe CNDD-FDD kugiriranira ibiganiro n’abo batavuga rumwe mu ntumbero yo gutorera umuti ibibazo biri mu gihugu c’uburundi hamwe no muri Kivu y’ubumanuko muri Republika y’intwaro rusangi ya Congo.


Mw’itangazo ryasohowe kuri uyu wa 22 Myandagaro 2022 na RED-TABARA, Uwo muhari uvuga ko Leta y’uburundi yifashishije ishirwaho ry’igisirikare c’akarere kirimwo abavuye mu bihugu bitandukanye vyasabwe n’inama y’abakuru b’ibihugu vya EAC kugira irungike abasirikare 600 mu nzira izwi n’amategeko ariko hagamijweko basanga abandi bamaze igihe muri Congo batemerwa ku mugaragaro bazanywe no kurwanya abarwanyi b’uwo muhari.
Uwo muhari ukaba umenyesha ko utarota uhagarika inzira wafashe y’umuheto kugira urwanye intwaro ya CNDD-FDD uvugako wifadikanije n’imihari ya FDLR itwarwa n’uwitwa Kayicuka hamwe n’imihari ya Twigwaneho na Gumino.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments