Saturday, December 3, 2022
HomeInternational newsUkraine ihaye yishimira ku ntambwe iriko itera ku rugamba mugihe uburusiya buriko...

Ukraine ihaye yishimira ku ntambwe iriko itera ku rugamba mugihe uburusiya buriko buva muri Kherson.

Igisirikare ca Ukraine kimenyesha ko cateye intambwe zikomeye ku musi wa kane mu micungararo ya Kherson, Inyuma yaho uburusiya butangarije ko buriko burakura abasirikare babwo bari muri ico gisagara ca Kherson kiri mu bumanuko bwa Ukraine. Ingabo za Ukraine zivuga ko zabohoje igisagara gikomeye ca Snihurivka kisanzwe kiri ku birometero 50 mu buraruko bwa Kherson.

Kiev ivuga kandi ko iriko isatira bikomeye ku mpande zibiri ziri hafi ya Kherson , harimwo gutera intambwe y’ibirometero indwi mu turere tumwe tumwe (BBC). Uburusiya bukamenyesha ko bwatanguye kuva muri ico gisagara ca Kherson, igisagara gikomeye cane bwari bwarigaruriye cane kuva intambara itanguye kuwa 24 Ruhuhuma 2022.

Naho ingabo z’uburusiya ziriko zirakurwa muri Kherson, Bamwe mu bategetsi ba Ukraine bafise impungenge ko uburusiya bwoba ari amayeri buriko bushaka gukoresha mu gusiga Kherson ari ˈigisagara c’urupfuˈ bugasiga buteragiye ama mine hamwe no gutegura kuyitera amabombe buri kure

Must Read

Perezida Kagame yagiriza Tshisekedi kwitwaza intambara ya M23 kugira yunguruze amatora...

0
Umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yagiriza mugenzi we w’igihugu ca Congo, Felix Tshisekedi ko yoba afise imigambi yo kwitwaza ibibazo vy’umutekano muke urangwa mu...