Saturday, December 3, 2022
HomeInternational newsRDC:Bamwe mu banyepolitike n’abanyagihugu bahaye biyamiriza ingabo za Kenya ziheruka kuza mw’ico...

RDC:Bamwe mu banyepolitike n’abanyagihugu bahaye biyamiriza ingabo za Kenya ziheruka kuza mw’ico gihugu.

Ingabo z’igihugu ca Kenya ziheruka kurungikwa mu buseruko bwa Congo kugira zigarukane mahoro mw’ico gice , ntizihaye zizerwa na bamwe mu banyepolitike hamwe n’abanyagihugu b’abakongomani kubera ko Kenya bayagiriza kuba ifitaniye ubucuti budasanzwe n’igihugu c’urwanda. Ico naco kikaba cagirizwa na Leta ya Congo kuba gishigikiye umuhari M23. Umunyapolitike Martin Fayulu avuga ko ingabo za Kenya zitagiye kuzorwana n’ingabo nz’urwanda hamwe n’iza Uganda zagirizwa ko ziriko zifasha Umuhari M23 kubera ko Kenya, Urwanda na Ouganda basanzwe ari bamwe bazinanyi neza. Uwo munyepolitike yatsinzwe mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu 2018 agasaba nyabuna ko bokwitorera ibihugu bacuditse na Congo akaba arivyo bibarungikira ingabo zorwanya M23 kuko umuryango wa EAC ntibawizeye mugihe urimwo abo bise “abakeba”.

Mu kiganiro yagiranye n’iradiyo y’abadagi DW, Umunyapolitike Martin Fayulu arerekana neza ko atacizere afitiye ku ngabo za Kenya ziheruka kurungikwa kugarukana amahoro mu buseruko bwa Congo mu mugambi w’ingabo z’akarere ka EAC, Fayulu ati :”Ingabo za Kenya ntizishobora kurungikwa muri Congo kubera ko ntizizoshobora kurwanya igisirikare c’urwanda canke ica Uganda. Barazinanyi , ntibazorwana,…”
Uwo munyepolitike arongera ko ati :”Ico dushaka ni umurwi basi wa ONU uze kudufasha kurwana canke ibihugu bigenzi vyacu twokwitorera twebwe. Congo ntabwo iri muri EAC ahubwo iri mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’ubumanuko”

Mu butumwa bwa “Audio” bwaciye ku ruga ngurukanabumenyi rwa Whatsapp bwatanzwe n’umukongomani ariko izina ryiwe ritamenyekanye, yagirije Perezida wa Kenya, William Ruto kuba ari “umututsi” ko ata nkeka ashigikiye ivyiyumviro vya Perezida w’urwanda Paul Kagame mu mugambi wiwe wo kudurumbanya Igihugu ca Congo.
Mw’ico kiganiro yagiranye na radiyo DW, Martin Fayulu ababazwa n’ukuntu amakungu asa nayahevye Congo mukwitaho cane ku ntambara iriko ibera mu gihugu ca Ukraine maze aribagira ko na Congo ubu iriko ica mu bihe bitoroshe nk’ivy’abanya Ukraine barimwo.

Must Read

Perezida Kagame yagiriza Tshisekedi kwitwaza intambara ya M23 kugira yunguruze amatora...

0
Umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yagiriza mugenzi we w’igihugu ca Congo, Felix Tshisekedi ko yoba afise imigambi yo kwitwaza ibibazo vy’umutekano muke urangwa mu...