UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abasirikare b’uburundi bari muri Somaliya barabangamiwe n’ikiza ca Covid-19.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ibitigiri vy’abandura umugera wa Corona biguma vyongerekana mu basirikare b’abarundi bari mu gikorwa co kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya. Imvo iriko ituma abasirikare b’uburundi bandura gusumba abo mu bindi bihugu bari muri ico gikorwa ni ukubera badakingirwa neza kuko baronswa urukingo rumwe gusa mugihe abandi bahabwa n’izo gukomeza izo baba bahawe ubwa mbere.

Kuva aho AMISOM ihinduriwe izina ikitwa ATMIS , Abasirikare bose barungikwa mu gikorwa co kugarukana amahoro muri Somaliya, bategekwa guhabwa inking z’umugera wa Covid-19. Abasirikare vb’abarundi bavuga ko bahabwa urukingo rumwe gusa iyo bariko bitegurira kugenda ni mugihe bagenzi babo bo mu bindi bihugu bahabwa urukingo rwa mbere hamwe n’izo gushimangira. Ukwo kutakwiza urukingo nikwo gutuma Abasirikare b’uburundi bandura cane gusumba bagenzi babo bo mu bindi bihugu.

Amakuru ava muri bamwe mu basirikare b’uburundi bari muri somaliya, avuga ko abarenga 60 bari mu birindiro bitandukanye aribo bamaze kwandura uwo mugera wa Coronavirus. Abo basirikare bavuga kandi ko ivyo bitigiri vyoba birenga cane kuko ivyo arivyo vyatanzwe muri ATMIS nayo ibindi bikarekwa gutangwa ku mvo yuko hoba hariko hambikwa iceyi abasirikare b’uburundi gusa ko aribo bonyene bariko barwara coronavirus . Bagatanga akarorero ko handuye abasirikare 50 hatangwa icegeranyo ko handuye 5 gusa, ivyo babona ko vyoshobora gutera ingorane mugihe hogira abicwa cane n’uwo mugera.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments