OBR :Twahomvye i miliyoni zirenga mirongo ibiri ( 20.000.000 FBU ) kubera ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza.

0

Ikigo kijejwe kwegeranya amakori mu Burundi arico OBR kibandanya c’injira mukinogo c’agahombo katagira ngo uko kangana kuko ngo kuva mumpera z’ukwezi kwa kane (4) z’uyu mwaka aho hatanguye kw’iyamamaza kw’ikiringo c’agatatu ca Petero NKURUNZIZA.

OBR

Ako gahombo ahanini kakaba kava kumpusha zahawe abantu bamwe bamwe ngo bareke gutanga amakori hamwe n’amakungu yo muzi ko yamaze gukurako amaboko ku Burundi kubera ikiringo c’agatatu ca NKURUNZIZA

peter

Ikigo OBR kikamenyesha ko muruku kwezi kw’umunani cashoboye guhomba amahera angana ni miliyoni zirenga mirongo ibiri zamarundi ngo kikaba cari citeze kwinjiza imiriyoni zababa mirongo itandatu n’imwe zamarundi.