UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

UBM News ads

Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata imiti nkuko vyatangajwe kuri uyu wa gatatu n’abarongoye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwa Uganda.

“Uno musi , Umukuru w’igihugu yatowe umugera wa Covid-19 . Yatowe uwo mugera inyuma yo kwerekana ibimenyetso bidakaze vya giripe. Ariko , ubu ameze neza ndetse anabandanya arangura imirimo yiwe nkuko vyahora, kandi ariko yubahiriza ingingo zigenga aba batoweko uwo mugera”Vyatangajwe inyuma yo ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu na Diane, Atwine, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Uganda abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments