Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata imiti nkuko vyatangajwe kuri uyu wa gatatu n’abarongoye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwa Uganda.
“Uno musi , Umukuru w’igihugu yatowe umugera wa Covid-19 . Yatowe uwo mugera inyuma yo kwerekana ibimenyetso bidakaze vya giripe. Ariko , ubu ameze neza ndetse anabandanya arangura imirimo yiwe nkuko vyahora, kandi ariko yubahiriza ingingo zigenga aba batoweko uwo mugera”Vyatangajwe inyuma yo ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu na Diane, Atwine, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Uganda abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter.
Recent Comments