UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Perezida wa Kenya William Ruto asaba bagenzi we ba Afrika gutera intambwe mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi wo guheba gukoresha idorare rya Amerika mu bucuruzi.

UBM News ads

Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto asaba bagenzi we bo ku mugabane wa Afrika gutera intambwe ikomeye igana mu bijanye no guheba gukoresha idorare rya Amerika maze hagakoreshwa ifaranga ryo ku mugabane wa Afrika mu vy’ubudandaji no kugura ibidandazwa. Perezida Ruto yabitangaje mu mpera z’ukwezi kwa Rusama uy’umwaka aho yari mu nama ikomeye yahuje abikorera ivyabo muri Afrika . Iyo nama ikaba yari ihagaze mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi w’isoko rusangi nya Afrika.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru The Eastafrican co mu gihugu ca Kenya, William Ruto yahanuye bagenzi we bo ku mugabane wa Afrika kwihutira gushiraho amabanki makuru nay’ubudandaji kugira ahamvye umugambi w’ibanki nya Afrika Afreximbank uzofasha ivyo gushiraho ifaranga rya Afrika atari idorare aho iryo faranga rizofasha ibijanye no kugura , kudandaza maze hakarihwa hakoreshejwe iryo faranga rizoba rikoreshwa muri Afrika yose.

Perezida William Ruto yagize atya :
“Hariho Ukwipfuza aho abadandaza bacu boshobora kuja hamwe bakishingira ifaranga bazohora bakoresha, ariko reka ico tukirekere Afreximbank kuko niyo izohora ifasha mu bijanye n’amahera azokoreshwa mu kuriha canke kugura ibidandazwa. Ntituzoba tugikeneye idorare rya Amerika ico gihe. (…) Turekere Afreximbank kubijanye n’amafaranga azoza akoreshwa’

Uwo arongoye igihugu ca Kenya akababazwa cane n’igihuhusi kimaze igihe kw’isi c’ikena ry’idorare rya Amerika aho n’abarwizatunga bo muri Afrika bakozweko cane kuburyo basabwa kuvunja amafaranga yabo mu madorare kugira bashobore guhanahana ibidandazwa naho haba haca ikirere kinini hagati yabo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments