UBM News ads
Wednesday, February 21, 2024
No menu items!
UBM News ads

Rwanda: Abasirikare bababa 250 harimwo intwazangabo nkuru barirukanywe mu kazi

Abasirikare b’uranda bagera kuri 244 harimwo intwazangabo zikomakomeye zibiri barirukanywe mu kazi n’umugabisha mukuru w’ingabo akabanaba n’umukuru w’igihugu c’urwanda Paul Rwanda. Hagati aho , uwahoze ari umukuru w’abarwanyi ba FDRL , bagirizwa gukora ihonyabwoko ry’abatutsi mw’ico gihugu mu 1994, yagenywe kurongora ubushikiranganji bwo kwivuna abansi . Nta mvo yatumye abo basirikare birukanwa irashirwa ahabona.

Ayo makuru yatanguye kuja ahabona mu gicugu co kuri uyu wa kabiri. Igisirikare catangaje ko umugabisha mukuru w’ingabo akaba n’umukuru w’igihugu c’urwanda Paul Kagame yirukanye mu gisirikare c’igihugu abasirikare 244 harimwo intwazangabo zibiri zikomeye, Gen.Major Aloys Muganga na Gen. de Brigade Francis Mutiganda.

Ikinyamakuru Sos Médias Burundi gitangaza ko isoko mu gisirikare c’urwanda ryavuganye naco, ryemeza ko ingingo nk’izo zikunda gufatirwa abigenjeje nabi mu bijanye n’indero , kudakora ibikorwa abasirikare batumwe, inyuma y’ugupfungwa umwanya muremure bagirizwa ivyaha vy’ubwicanyi.

Hari ayandi makuru ariko abandanya avurwa ko iy’irukanwa mu kazi ry’abo basirikare ryoba rifitaniye isano n’intambara iri mu buseruko bwa Congo aho abasirikare b’urwanda batari bake ngo boba batariko bayibona kumwe. Imbere y’imisi ibiri y’aho , Juvenal Marizamunda azwi cane mu mashamba ya Congo nk’umukuru w’abarwanyi ba FDRL yari yagenywe kuba umushikiranganji wo kwivuna abansi.

Izindi mpinduka zikomeye kandi zikaba zarabaye mu biro bikuru vyo kwivuna abansi . Ico kibanza kikaba cahawe Gen.Mubarak Muganga, amenyereye intambara , anafise uburambe bw’imyaka irenga 30. No mw’igendereza izo mpinduka zikaba zahabayeho.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments