Thursday, June 8, 2023
HomeInternational newsUganda: Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo akazi yishwe n’uwumugendanira maze uwo nawe ahava...

Uganda: Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo akazi yishwe n’uwumugendanira maze uwo nawe ahava yiyica yirashe.

Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo akazi mu gihugu ca Uganda Charles Okello yishwe arashwe n’uwumugendanira mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri igihe yariko yitegura ngo aje ku kazi. Ariko uwo yamugendanira yahavuye nawene yiyica yirashe abonye ko amahirwe yo gushobora guhunga yamubanye makeyi kubera yaciye atangura kuronderwa.

Amakuru atangwa n’abegereye ahabereye iryo bara, avuga ko uwo yacungera umutekano Okello yaciye abandanya arasa amasasu hejuru yiruka mu mazu y’abantu. Iradiyo y’abongereza BBC ivuga ko yahavuye nawene yiyica yirashe. Akaba ngo ariko arahunga yagiye avugira hejuru ko atahembwe imishahara yiwe.

Bikavurwa kandi uwo yarasanzwe acungera umutekano w’uwo mushikiranganji yaramaze imisi abwira abantu avuga ko amaze igihe kirekire adahembwa, ko hoba rero ariho havuye intandaro yo kwicwa kw’uwo mushikiranganji.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...