“Ukuri kurakiza kugasubiza hamwe abantu ” ako ni akagohe k’umwepisikopi mukuru wa diyoseze ya Bururi. Musenyeri Salvator Niciteretse yabivugiye mu nkuka y’imisi yo kwibuka abamaratiri b’i Buta ku musi wa gatandatu inyuma y’imyaka 26 iheze abo banyeshure 40 iheze bagandaguwe banse kwivangura bafatiye ku bwoko bwabo. Ico gihe bagandaguwe n’umuhari CNDD-FDD wariko urarwanya ubutegetsi. Agahamagarira Leta kutabesha kuvyahitiye mu gihugu na cane cane kuvyabaye mu rwimo rw’1972 aho avuga ko yavyiboneye kandi ko ari mu bacitse kw’icumu. Musenyeri Niciteretse agahakana ko abitwa ba Mayimayi Mulele bishe abatutsi anatera ivyatsi ubwicanyi bwakwirikiye bwahitanye abahutu isinzi.
Musenyeri Salvator Nicitegetse yagize ati :
“Turaza turumva hirya no hino ibivurwa ku 1972 kumbure no ku yindi myaka, tuvuge ukuri! Nahonyene turondere ukuri. Tukavuga neza tudahengamye abantu bagandaguwe haba mu bahutu canke mu batutsi twishimikije ukuri kuva ku mana. Turavuga neza ubwicanyi n’amabi yakorewe abatutsi, intambara igitangura aha iwacu muri za Rumonge , Makamba, Bururi, Vugizo, Vyanda, Burambi, Minago, nahandi, jewe mvuge ivyaha iwacu ndabivuga ndabizi kuko najewe nacitse kw’icumu kandi hari n’incuti n’ababanyi benshi bahasize ubuzima n’ubu tutazi iyo bahambwe. Hari abavuga ngo bari ba Mulele bavuye i Congo canke ngo bavuye hehe, twebwe abicana ntabwo bari ba Mulele muga baravuga gusa Mayi mulele ari abarundi tuzi aho baba , tuzi aho bava”
Uwo mwepiskopi mukuru wa diyoseze ya Bururi arongerako ati:
“Ntiduhore Kandi na buhoro buhoro isinzi ry’abahutu mu nyuma bishwe ubw’agahomerabunwa kandi atanivyo baroyemwo bamwe bamwe muri bo mbere mu nyuma abari kubakingira akaba aribo baheza kubagandagura batabanje no guheza ngo habe amatohoza. Turakeneye rero ngo tuvugane ukuri”
Tubamenyeshe ko Umurwi wigenga ujejwe kuvugana ukuri no kurekuriranira CVR uherutse kwemeza ubwicanyi bwo mu 1972 ari ihonyabwoko ryakorewe abarundi bo mu bwoko bw’abahutu. CVR igahakana kandi ko intango y’ubwicanyi bwo 1972 itabaye abahutu ko ahubwo ari ubutegetsi bubi bwa Perezida Micombero bwagiye kurondera ba Mayi Mulele mu gihugu kibanyi ca Congo kugira ngo bafashe kwica incabwenge z’abahutu.