Umugabo w’imyaka 35 y’amavuko yitwa Kwizera Emmanuel yaba mu karere ka Kiruhura mu gihugu ca Uganda yarishwe n’abo mu muryango wo kwa Sebukwe bamuhora kuba yaranse kuriha inkwano y’umukobwa wabo.
Umuvugizi w’igipolisi ca Uganda , Fred Enanga yatangaje kuwa 17 Mukakaro 2023 ko Kwizera yakubiswe kugeza aho asezera isi igihe yari yagiye gucura umugore wiwe bari bahukanye. Enanga yagize ati :« yari yagiye gucura umugore wiwe yari yagiye iwabo mu misi iheze bari barahukanye». Abo bamwishe ngo bamaze kubona ko Kwizera yamaze gupfa baciye bata ikiziga ciwe mu mu rugomero rw’amazi rw’uwitwa Rwakashuji George.
Nkuko tubikesha ikinyamakuru co mu gihugu ca Ouganda Daily monitor, babiri muri batanu bakekwa kuba bari mu bagize uruhara mw’ubwo bwicanyi baciye batabwa mur yompi. Abo nabo ni: Margaret kendere na Ronald Bakashaba. Ni mugihe Grace Namara , Allen ikiriza na James Amupire bobo bagumye baronderwa.
Recent Comments