Ibikorwa vy’ishirahamwe SOSUMO birabandanya gucumbagira bitumwe n’amavuta atariyo bashize mu mashine zisya ibikaju maze ziraheza zirononekara. Abakozi b’iryo shirahamwe bavuga ko umwimbu w’isukare ushobora kugabanuka cane kuko izo mashine ziriko zikora nabi nabi.
Bamwe mu bakozi b’ishirahamwe SOSUMO rihingura isukare bakaba bafise impungenge ko umwimbu w’isukare utazoba mwiza nkuko bari bavyiteze. Ivyo bakabivuga bafatiye ku mwimbu w’isukare umaze kuboneka kuva aho isekeza ryo guhingura isukare ritanguriye ku musi wa mbere w’indwi iheze igenekerezo rya 17 Mukakaro 2023. Gushika kuri uyu wa mbere, hakaba hamaze kuboneka amatoni 133 y’isukare yonyene. Ni mugihe ngo muri iyo ndwi imwe, bategerezwa kuba bahinguye n’imiburiburi amatoni 600 y’isukare.
Uwo mwimbu udashemeye rero ngo ni ingaruka mbi zaturutse ku mavuta Atari meza yashizwe mu mashine zisya zikoreshwa mu guhingura isukare aho muri muri SOSUMO. Ayo mavuta ngo akaba yarononye cane ivyuma bigize izo mashine, ibituma zikora nabi nabi aho ngo basigaye bifashisha imashine itanga umuyagankuba bita «groupe électrogène» kugira izo mashine zishobore gukora.
Recent Comments