Ubwongereza bwaburiye abanyagihugu babwo baba mu gihugu ca Uganda ko abihevyi bashobora kugaba ibitero vy’iterabwoba naho Londres itasobanuye ukwo ivyo bitero bizokorwa.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru co muri Uganda Daily Monitor, Ubwongerezza bwavuze kuri uyu w’Imana ko ibitero «bishobora kutavangura canke bikibasira abanyamahanga canke ahantu hagendwagendwa cane n’abanyamahanga».
Iryo tangazo ry’ubwongereza ryongeyeko riti :«Musabwa kuba maso igihe cose bimwe vy’umwihariko ahantu hari abantu benshi n’ahantu rusangi nk’amahoteri, aharindirirwa imiduga yunguruza abantu, amazu y’uburiro, mu bunywero no mu gihe co guhura mu bikorwa vyo kwinonora imitsi canke gusenga no mu gihe mwegereye inyubako za Leta canke iz’inzego z’umutekano nko mu birindiro vy’abapolisi»
Ubwongereza bukaba bwaburiye abanyagihugu babwo inyuma y’igitero c’abihevyi cakozwe n’umuhari ADF maze bica abantu barenga 40 mu gitero cabaye kw’ishure ryisumbuye ryo mu karere ka Kasese, caguyemwo abanyeshure 37 mw’ijoro ryo kuwa 16 Rusama 2023.





Recent Comments