UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abasitanteri babiri bo mu makomine ya Mwakiro na Gisuru barankiye CNL guhimbaza umusi mukuru w’ukwikukira kw’uburundi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kuri uyu wa gatandatu, niho hahimbazwa mu gihugu cose imyaka 61 ihaciye uburundi buronse intahe yo kwikukira. Ariko umugambwe CNL mu makomine ya Mwakiro mu ntara ya Muyinga hamwe na Gisuru mu ntara ya Ruyigi warankiwe gushira ingori z’amashurwe mu bibanza vyo guhimbaza ukwikukira kw’uburundi.

Musitnteri wa komine Mwakiro, umupfasoni Joselyne Baranyanka yasiguye ko abamukurira hejuru bohava bamutatira hamwe yo kwemerera CNL gushira amashurwe mu kibanza c’ukwikukira kiri mw’ikomine arongoye. Musitanteri wa komine Gisuru, Gad Ninganza we yasiguye ko umugambwe CNL wahagaritswe mu gihugu.

Amakuru twakuye ahatandukanye mu gihugu yemeza ko uwo mugambwe CNL urongowe n’umushingamateka Agathon Rwasa wahimbaje ivyo birori ndetse uremererwa gushira ingori z’amashurwe ku cibutso c’ukwikukira kw’uburundi nk’uko n’iyindi migambwe yemewe n’amategeko mu Burundi yariko irabikora.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments