UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Intumwa za Leta y’uburundi i Génève zasohotse inama y’agateka ka zina muntu yariko iraba kubera zankiwe ko bataramura abo bise inkozi z’ikibi batumiwe mw’iyo nama.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abaserukiye Leta y’uburundi mu nama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu bafashe ingingo yo gusohoka ikibanza cariko kigirirwamwo iyo nama ku bijanye n’uko agateka ka zina muntu kifashe mu gihugu c’uburundi hari i Génève mu gihugu c’ubuswisi kuri uno wa mbere.Inyuma yaho umurwi ujejwe agateka ka zina muntu wa ONU wase gutaramura bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu mu Burundi bari mu buhungiro leta yita ko ari inkozi z’ikibi, Armel Niyongere ari mw’abo baharanira agateka ka zina muntu bari mw’iyo nama avuga ko ari akamaramaza kuko ata shingiro ivyo izo ntumwa zavuga vyari zifise. Agashimira uwo murwi ujejwe agateka ka zina muntu wa ONU wahisemwo kubandanya ico gikorwa ndetse no kuba wasiguriye izo ntumwa za Leta y’uburundi ko ata bubasha zifise bwo kubasohora mw’iyo nama.

«Birateye isoni kubona intumwa za Leta y’uburundi zanka kwinjira mu nama yari itegekanijwe uno musi ku Burundi mu gihe bwaja imbere y’abahinga ba ONU bajejwe agateka ka zina muntu hariya I Geneve mu buswisi, ahubwo Leta y’uburundi yaciye isaba yuko botaramura bamwe basanzwe bakwirikiranwa n’ubutungane bw’uburundi. Bahaye icegeranyo c’abakwirikiranwa n’ubutungane harimwo izina ryanje kandi nari mw’iyo nama hama baraheza bavuga yuko batansohora mw’iyo nama» Niko Armel Niyongere arongoye ACAT-Burundi yabwiye iradiyo RPA , Ijwi ry’abanyagihugu.

Si irya mbere intumwa ziba zaserukiye Leta y’uburundi zisohoka mu manama mpuzamakungu aba yatumiwemwo abanyepolitike canke abaharanira agateka ka zina muntu baba mu buhungiro zibagiriza kuba ziri mu baronderwa n’ubutungane bw’uburundi ku vyaha vy’ubukozi bw’ikibi zakoze mu 2015. Akarorero kandi ni mu mwaka wa 2016 aho mu gisagara ca Arusha muri Tanzaniya hariko habera ibiganiro bihuza Leta y’uburundi n’abayirwanya, Intumwa zari zayiserukiye zararahiye zirarengwa ko ziticarana n’abagirizwa gutembagaza ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015, ico gihe Perezida William Benjamin Mkapa yararongoye ivyo biganiro yaciye ahitamwo gukoresha ivyo biganiro mu mirwi mirwi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments