Umushikiranganji wa Uganda ajejwe ivy’amashirahamwe yo kuguranana , Haruna Kyeyune Kasolo asaba Leta ko yoshiraho itegeko rigamije igihano co ‘gukubita abanya Uganda b’abakene hamwe n’ibinebwe kugira bige gukora maze babe abatunzi’.
Nkuko dukesha iy’inkuru ikinyamakuru Daily monitor co mu gihugu ca Uganda, Ivyo Umushikiranganji Kasolo yabitangarije mu nama yagiranye n’abagize ishirahamwe ryokuguranana ryo mu karere ka Kayunga hari ku musi wa kabiri igenekerezo rya 14 Munyonyo 2023. Ico gihe, Kasolo yaremeje ko naho Leta yagiye iragira ubwigoro bwo kurandurana burundu ubukene,n’uko igitigiri kinini c’abanya Uganda n’ubu bakiri mu bukene.
«Mu misi iri imbere, Leta ishobora kwemeza itegeko biciye mu nama nshingamateka kugira abakene hamwe n’ibinebwe bakubitwe inkoni kugira bashobore kwiga gukora no kuba abatunzi, kubera twasanze ko bamwe mu baganda bakwiye kugirwako inguvu kugira n’abo baronke ubutunzi» Niko umushikiranganji Kasolo yamenyesheje abari mw’iyo nama.
Daily Monitor yandika ko ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji wa Leta ya Uganda ajejwe ivy’amashirahamwe yo kuguranana vyateye uruhagara mu banya Uganda kuko ngo ntibatahura ukuntu Leta yokoresha igihano co guhana umuntu ngo ni ukubera akenye canke ikinebwe ko ahubwo nyabuna Leta n’iyo ifise uruhara rukomeye mu kurwanya ubukene biciye mu kurwiza ubutunzi burama kuri bose.
Recent Comments