Umukuru w’igihugu ca Congo Felix Tshisekedi amenyesha ko igihugu ciwe kigiye guhitamwo kwirwanira hamwe amakungu yobandanya ateba kuza gutabara biciye mu gufatira ibihano igihugu c’urwanda kubera gishigikiye umuhari M23.
Perezida Tshisekedi akaba yabitangaje kuri uyu wa kane mu kiganiro yahaye imboneshakure y’abafaransa France 24.
Ikindi uwo arongoye Republika iharanira demokarasi ya Congo yamenyesheje nuko yijejeje abanyekongo ko umuji wa GOMA ukwo vyogenda kwose utashobora gufatwa na M23 naho uwo muhari uriko utera uja imbere ku rubuga rw’intambara.
Perezida Félix Tshisekedi yabwiye France 24 ati :«… twaratabaje amakungu aze gutabara abanje gufatira ibihano Urwanda, ariko hamwe ivyo vyoteba gushika, tugiye kuzokwirwanira twebwe ubwacu nyene»
Mw’ico kiganiro, Umukuru w’igihugu ca Congo akaba yongeye kandi kwagiriza igihugu c’urwanda kuba arico kiri mu barongoye umuhari M23. Akaba yijejeje abanye congo ko borema kuko Umuji wa Goma bitazokunda ko ufatwa n’abarwanyi ba M23 ukwo vyogenda kwose. Perezida Tshisekedi yagize ati:«(abarwanyi ba M23) Ntibazofata Goma »
Tubamenyeshe ko Umuhari M23 wasubiriye gufata ibirwanisho mu mpera zo mu 2021 wagiriza abategetsi ba Congo kuba batashize mu ngiro ivyo biyemeje mu kwinjiza mu nzego abarwanyi bawo. Inyuma y’imisi yari ihaciye y’agahengwe, Uwo muhari wahavuye usubira kugaba ibitero ukaba wagirije igisirikare ca Congo guhonyanga amasezerano yo guhagarika hamwe no kwica abasivire bo mu bwoko bw’abatutsi bavuga ikinyarwanda , uwo muhari uvuga ko uriko urwanira.
Recent Comments