UBM News ads
Sunday, December 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

RDC: M23 irabandanya kwerekana abandi basirikare b’uburundi bafashwe mpiri n’uwo muhari.

Abandi basirikare batatu batobato b’abarundi bashwe n’umuhari M23 inyuma y’intambara zabahuje kw’igenekerezo rya 5 munyonyo 2023 barerekanywe kuri uyu wa mbere. Ngo mu kazi barungitswemwo bavuga ko babwiwe ko bagiye kurwanya abanyarwanda bari mu gihugu ca Congo.

Abo basirikare b’uburundi ukwo ari batatu berekanywe mw’ireresi n’umuhari M23 barikumwe n’iyindi mihari. Bakaba bari mu rwi ine barikumwe barwanya umuhari M23. Muri abo basirikare batatu, umwe yaramaze kwerekanwa, babiri nabo nibo ari bashasha.

Abo basirikare b’uburundi bahishuye ko bamwe muri bo baje mu ntara ya Kivu y’uburaruko bavuye ku kibuga c’indege ca Bujumbura kandi bambaye umwambaro w’igisirikare ca Congo FARDC .
Umwe mw’abo basirikare yafashwe na M23 aravuga kandi n’igikorwa bari bahawe muri Kivu ya ruguru abo nabo akaba ari abo muri batayo ya TAFOC, agira ati:«Nitwa Première classe Nzisabira Ferdinand, matricule ni 32200, unite ni iya 321, compagnie ni iya mbere, ninjiye igisirikare mu 2018, ninjiriye i Mwaro. Jewe ukwo nisanze muri Congo , ndi i Bujumbura , dushika abantu 50 baciye batwambika i ‘tenue’, batwambitse izo tenue baca batwuriza indege , batwambitse i tenue ya FARDC. Bamaze gushika ku kibuga c’indege i Goma, duca dutora inkoho dushitseyo. Baduhaye mission yo kuja Kilorirwe kurwanya abanyarwanda»

Abandi basirikare bajanywe mu ntara ya Kivu ya ruguru ngo bavuye mu ntara ya Kivu y’epfo baza n’ama modokari kugera mu gisagara ca Bukavu aho ngo baciye burizwa ubwato bubashikana i Goma bose bambaye umwambaro wa FARDC.
Abo ngo akaba ari abo muri batayo ya 5 ya TAFOC irongowe na Lt.Col.Bizimana Pierre-Claver.

«Nitwa Caporal-chef Niyongabo Thierry, matricule 26202. Nisanze muri Congo naje mvuye mu Burundi , duca mu Gatumba tuja i Bukavu. Egome naje n’umuduga. Nambariye tenue za FARDC i Goma twerekeza i Gitshanga kurwanya umunyarwanda.» Niko uyundi musirikare ari mw’abo bafashwe mpiri na M23 avuga.

Umuhari M23 usigura ko ico gikorwa co kwerekana abandi abasirikare b’uburundi bafashwe mpiri ugiye ku kibandanya mu ntumbero yo kwereka amakungu ko Leta y’uburundi iriko yifadikanya n’imirwi yirirwa irica abantu aho mu buseruko bwa Congo.

Yaba Leta y’uburundi canke igisirikare cayo ntavyo birashima kugira ico bivuze kw’abo basirikare bayo bafashwe mpiri canke bishwe n’umuhari M23 mu mirwano iheruka kubahuza mu teritwari ya Masisi mu ntara ya kivu ya Ruguru hari mu ntango z’uku kwezi turimwo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments